Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Uze ukore ibishoboka vyose ufashe umucamanza Zena na Apolo nibafata urugendo, kugira ngo baronke ivyo bakeneye vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Witwaririke guherekeza no gusezera neza Zena umunyabgenge w’ivyagezwe, na Apolo, kugira ngo ntibaze bagire ico babura.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:13
15 Referans Kwoze  

Ico gihe Umuyuda yitwa Apolo, yari yavukiye muri Alegizanderiya, ashika muri Efeso. Yari umuntu azi kuvuga neza, kandi yari afise ubumenyi bwinshi mu Vyanditswe Vyera.


Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe, agerageza kumutega umutego, amubaza ati:


Maze ivyo bibaye, baduha icubahiro cinshi, hanyuma hageze ko tugenda badutekerera ivyo tuzokenera vyose mu rugendo.


Ntihazogire uwumugaya, ahubwo mumuhezagize ibikenewe mu rugendo rwiwe agarutse. Twe na bene Data tumurindiranye igishika.


Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivyankenerwa kugira mbandanye urugendo.


Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga.


Yesu abaza Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe ati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe kuko mwatwaye urupfunguruzo rwo kumenya Imana. Mwebwe ubwanyu ntimwinjiye mu Bwami, ahubwo mwabujije n’abashaka kwinjira.”


Umwe mu bigisha b’ivyagezwe aramubwira ati: “Mwigisha, erega uvuze uko natwe uba udututse!”


Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.)


Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.


Ku vyerekeye mwene Data Apolo na we, naramwinginze ngo azanane n’abandi bene Data iwanyu, ariko ntiyipfuje kuza ubwo nyene, azoza niyaronka akaryo keza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite