Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 2:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Amajambo yawe abe ay’ukuri, atagiramwo umugayo, kugira ngo abakugwanya baze bamaramare, babure ikibi batuvugako.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.

Gade chapit la Kopi




Tito 2:8
15 Referans Kwoze  

Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.


Kuko ico Imana igomba n’uko mukora ivyiza, bigatuma abatubaha Imana babura ico babavuga.


Mubikorane umutima utabagiriza ikibi, kugira ngo n’ababavuga nabi bazomaramare babonye ingeso zanyu nziza muri Kristo.


Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka,


Mwitegereze neza uwo wese atumvira ivyo tubabwiye muri rino kete. Mubigire kure kugira ngo bitume bamaramara.


Nohanura rero abapfakazi bakiri bato ko bosubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi atazoronka ico abavugako.


Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.


Yesu abonye ko yishuranye ubwenge, aramubwira ati: “Nturi kure y’Ubwami bw’Imana.” Inyuma y’ivyo nta muntu yasubiye kwubahuka kumubaza ibibazo.


Wa mwigisha w’ivyagezwe arishura ati: “Mwigisha, wishuye neza cane! Ivyo uvuze ni ukuri; ko Imana ari imwe kandi ko ata yindi iriho kiretse yo yonyene;


Umwe mu bigisha b’ivyagezwe yari ahagaze ngaho yumviriza ingene bavugana; yumvise ko Yesu yishuye neza abasadukayo, aramubaza ati: “Ni irihe bwirizwa riruta ayandi yose?”


Na we asubizayo ati: “Ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” Maze iyo nyishu irabatangaza cane.


Abantu bacu bakwiye kwiga kwitangira ibikorwa vyiza, kugira ngo bashobore gufasha mu bikenewe, ubuzima bwabo ntibube ubutagira ikimazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite