Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 2:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 no kudahugumba, no kwirinda ubgēruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe.

Gade chapit la Kopi




Tito 2:5
22 Referans Kwoze  

Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Abari mu bugurano bamenye ko ba shebuja bakwiye icubahiro cose, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho zacu ntibitukwe.


Abagore bazogume banumye mw’ishengero. Ntibemerewe kuvuga, ahubwo bicishe bugufi nk’uko ivyagezwe bivuga.


Ariko hari ico mukwiye kumenya: umutwe w’umugabo ni Kristo, umutwe w’umugore ni umugabo wiwe, umutwe wa Kristo na wo ni Imana,


Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ni mwebwe mutukisha izina ry’Imana mu Banyamahanga.”


Nuko Petero arahaguruka asubirana unyuma na bo. Bashitse baca bamutwara muri cuba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.


Wirinde kugira ngo ico ukoze ubona ko ari ciza coye gutukwa n’abantu.


Bigishe abagore bakiri bato gukunda abagabo babo n’abana babo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite