Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko akwiye kuba uwukunda kwakira abantu i muhira iwe, akunda kugira neza, aganza ingeso ziwe, agororoka, yejejwe kandi yirinda.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda,

Gade chapit la Kopi




Tito 1:8
17 Referans Kwoze  

Umurongozi akwiye kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, atekereje, aganza ingeso ziwe, yubahwa, yakira abantu, kandi ashoboye kwigisha,


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.


Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.


Ariko wewe muntu w’Imana, uhunge ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza.


Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.


Namwe muri ivyabona hamwe n’Imana, vy’ingene twigenza hagati yanyu, twejejwe, tugororotse kandi turi inyankamugayo rwose.


Urukundo rwabo ruzotimba, babure uguharira. Bazonanirwa no kuganza ingeso zabo, banke iciza cose.


Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanije n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.


I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite