Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;

Gade chapit la Kopi




Tito 1:7
23 Referans Kwoze  

Izohana canecane abakurikira ivyipfuzo biva muri kamere k’imibiri yabo bagakengera ukuganza kwayo. Abo bantu ni intagondwa n’abanyabwibone, kandi ntibatinya no gutuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru;


Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,


mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.


Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.


Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.


Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.


Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.


Jewe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu, Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’ishengero n’abadiyakoni bose:


Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite