Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:

Gade chapit la Kopi




Tito 1:5
18 Referans Kwoze  

Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.


Igihe naja i Makedoniya narakwinginze ngo ugume hiyo muri Efeso kugira ngo wihanize abigisha inyigisho z’ibinyoma ntibasubire kwigisha,


Ariko vyose bikorwe mu buryo bubereye, kandi mu rutonde.


Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.


Uwuzokwumva ashonje cane azofungure iwe kugira ngo yoye kwikwegera gutsindwa n’urubanza. Ku bindi bibazo mwanyandikiye, nzobaha inyishu ninashika iwanyu.


Haheze igihe abantu ata co barya, Pawulo ahagarara imbere yabo aravuga ati: “Bagenzi, mwari mukwiye kunyumviriza, mukareka kuva i Kirete. Gutyo mwari kuba mwirinze aka kaga n’uru ruhombo.


Kubera bitari vyoroshe kumara muri ico kivuko igihe c’imbeho nyinshi cane cari kigiye kuza, benshi mu bari mu bwato bahitamwo ko twobandanya, kugira ngo bishobotse tumare ico gihe i Foyinike. Foyinike cari ikivuko c’i Kirete caraba mu bumanuko bushira uburengero no mu buraruko bushira uburengero.


Nuko tumara imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinido bitugoye cane. Umuyaga utubujije kubandanya, duca tugenda twegereye uruhande rw’izinga rya Kirete rurabana n’i Salumone kugira ngo twikingire umuyaga.


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


Kuko naho tutari kumwe mu mubiri, ndi kumwe namwe mu mpwemu nkanezerezwa no kubabona muhagaze neza kandi mushikamye mu kwizera Kristo kwanyu.


(bagizwe n’Abayuda n’abinjiye mw’idini ry’Abayuda), Abanyakirete, n’Abarabu. Kandi twese turabumva bavuga ibitangaza vy’Imana mu ndimi z’iwacu.”


Akayaga gakeya gaturuka mu bumanuko gahuhuse, baca bibaza ko urugendo ruja kugenda neza. Baca batangura gusoza bagendera hafi y’izinga rya Kirete.


Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.


N’umwe mu bavugishwa babo yaravuze ati: “Abanyakirete bama babesha: ni ibikoko vy’inkazi, ni ibinebwe n’abakunzi b’inda.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite