Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:16
27 Referans Kwoze  

Umuntu wese avuga ati: “Ndamuzi,” ariko ntiyumvire amabwirizwa yiwe, uwo ni umubeshi kandi nta kuri kuri muri we.


Ntihagire uwubahendesha amajambo atagira ikimazi, kuko ibintu nk’ivyo bizana uburake bw’Imana ku batayumvira.


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.


Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.


Kandi turazi ko ivyagezwe bitashiriweho abagororotsi, ariko vyashiriweho abatumvira n’ibigaba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abadasonera Imana canke ivyejejwe, abica ba se canke ba nyina, abicanyi,


kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.


Wame wibutsa abantu kwubaha abatware n’abategetsi, kugamburuka no gukora ivyiza.


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite