Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:11
22 Referans Kwoze  

Bamwe muri bo banyengetera mu mazu bagahenda abagore b’abanyantege nke baremerewe n’ivyaha, baganzwa n’ivyipfuzo vyabo,


n’uguharira ata ho gushikana hagati y’ab’ubwenge bwapfuye, banyazwe ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi.


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Nihagira uwuzana ivy’ukwicamwo ibice, uze umwihanize irya mbere n’irya kabiri, niyabandanya, uze umutaramure.


Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.


Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi.


Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo.


Ntibabaye bacubahuka kumubaza ikibazo na kimwe.


Umucangero arahunga iyo abonye ibingira rije. Arata intama agahunga kuko atari umwungere wazo kandi intama zitari iziwe, maze rya bingira rikitera mu ntama rikazishwiragiza.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Ariko umupfakazi afise abana n’abuzukuru, bakwiye kubereka ukwubaha Imana kwabo mu kubitwararika, ni ho bazoba bishuye abavyeyi babo ivyo babakoreye, kandi ivyo birahimbara Imana.


Ikindi ni uko bashobora kuba ibinebwe, bakama bayerera inzu ku nzu bavuga urusaku, bita mu bitabaraba bongera bavuga ivyo batotegerejwe kuvuga.


Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze basambura ukwizera kwa bamwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite