Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 9:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — bun’ abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.

Gade chapit la Kopi




Matayo 9:6
24 Referans Kwoze  

Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe, canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende?


Uwo muntu mumuhariye, nanje nzoba ndamuhariye. Kandi igihe cose bikenewe ko ntanga imbabazi, ndabikora ku bwanyu ndi imbere ya Kristo,


Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.


Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.


None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.


Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka wizingire ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka.


Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.


Wamuhaye ububasha ku bantu bose kugira ngo ahe ubugingo budashira abo wamuhaye bose.


Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko.


Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”


Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira ca kimuga ati:


“Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha!”


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”


Uwo muntu aca arahaguruka arataha.


Maze Yesu aramubwira ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe ugendagende.”


Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite