Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 9:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yesu amenye ivyo biyumviriye, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?

Gade chapit la Kopi




Matayo 9:4
24 Referans Kwoze  

Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!” Nuko arahaguruka, ahagarara imbere.


Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira, aca ababwira ati: “Ubwami bwose bwiciyemwo ibice buba bugiye gusenyuka. Kandi iyo igisagara canke umuryango vyiciyemwo ibice ntibishoboka ko birama.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira, aca ababwira ati: “Ubwami bwose bwiciyemwo ibice buba bugiye gusenyuka. Kandi iyo umuryango wiciyemwo ibice uba ugiye gusambuka.


Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi na wewe barakujana.”


Nuko Yesu abonye ko bafise ico bashaka kumubaza, arababwira ati: “Muriko mubazanya ico nashatse kuvuga aho navuga nti: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’?


Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.


Yesu amenye ko abigishwa biwe bariko baridoga, arababaza ati: “Mbega ivyo ndababwiye birabatsitaje?


Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?


Dukwiye kuritanga canke ntidukwiye kuritanga?” Ariko kuko Yesu yari azi uburyarya bwabo, arabishura ati: “Ni kuki muriko mugerageza kuntega umutego? Nzanira igiceri c’idenariyo ico ndaba.”


Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima?


Yesu aca aramubwira ati: “Simoni, ndafise ico ndakubwira.” Simoni na we ati: “Mbarira, Mwigisha!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite