Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Aramubwira ati: “Mwami, umukozi wanje aryamye i muhira, ntiyikoma kandi arababaye cane.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ati Mushingantahe, umuhungu wanje n’ikimuga, aryamye mu nzu, arasinzikaye cane.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:6
12 Referans Kwoze  

Ba shebuja, mugirire ibigororotse kandi bibereye abagurano banyu, kuko mubizi namwe ko mufise Shobuja Mukuru mw’ijuru.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


Maze ahasanga umugabo yitwa Ayineya, yari amaze imyaka umunani avundiye ku kirago kuko yari yarakongataye.


atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu.


Na yo ku bafise ba shebuja bizera Imana, nta mvo n’imwe yo kutabubaha kuko ari bene Se. Ahubwo bakwiye kurushirizaho kubakorera neza, kuko ivyo bakora bifasha abizera b’abakundwa. Ivyo bibe ari vyo uzohimiriza abantu.


Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira.


Kuko benshi barakira impwemu mbi, zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira.


Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”


Yesu aramwishura ati: “Ndaje kumukiza.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite