Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Yesu ashitse i Kaperinawumu, umusoda mukuru mu gisoda c’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ashitse i Kaperinawumu, haza umugabisha w’abasoda ijana, aramwinginga,

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:5
15 Referans Kwoze  

Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.


Maze Pawulo abwira wa mukuru w’abasoda ijana ati: “Abo batagumye mu bwato ntimushobora kurokoka.”


Pawulo aca abarira umwe mu bakuru b’abasoda ijana ati: “Jana uwu musore ku mukuru w’abasoda; arafise ico agomba kumubwira.”


Yabanje kuja i Nazareti, hanyuma avayo aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali,


Akayaga gakeya gaturuka mu bumanuko gahuhuse, baca bibaza ko urugendo ruja kugenda neza. Baca batangura gusoza bagendera hafi y’izinga rya Kirete.


Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro.


Bamaze kumuboha ngo bamukubite, Pawulo aca abaza umukuru w’abasoda ijana yari ahagaze aho ati: “Mbega biremewe n’amategeko gukubita Umuroma, ata rubanza rwamutsinze?”


Umusoda mukuru w’Umuroma yari ahagaze imbere ya Yesu, abonye ingene apfuye, aravuga ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Haciye imisi, Yesu asubira i Kaperinawumu, maze inkuru iramenyekana ko yagarutse i muhira.


Maze Yesu atambukira mu bwato, ajabuka hakurya y’ikiyaga aja mu gisagara c’iwabo.


Na we Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba harazigamwe kugeza n’uwu musi.


Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite