Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:4
31 Referans Kwoze  

Ababonye, arababwira ati: “Nimugende, mwiyereke abaherezi.” Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.


Yesu aca aramwihaniza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse.”


Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza.


Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”


Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”


Maze Yesu arabihaniza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”


Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’Abanyamahanga.


Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.


Ntimwibaze ko nazanywe no gukuraho ivyagezwe vya Mose n’Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana. Oya sinazanywe no kubikuraho, ahubwo nazanywe no kubishitsa.


Jewe sinironderera icubahiro; ariko hariho uwukindonderera kandi ni we mucamanza.


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Jewe sindondera gushimwa n’abantu,


Ako kazoba ari akaryo ko kunshingira intahe.


Yesu aca arababuza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira uwo ari we.


Hanyuma aca yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ko ari we Kristo.


Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.


Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.


Ariko we yaca azikankamira ngo zihore, ntizisubire kuvuga uwo ari we.


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye kugeza Umwana w’Umuntu azutse mu bapfuye.


N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.


Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye.


Yesu aca arabihaniza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite