Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene aca arakira ya mibembe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:3
19 Referans Kwoze  

Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.


Yesu aterwa ikigongwe n’uwo muntu maze aramvura ukuboko amukorako, aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!”


Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.


Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora, tekereza!” Wa muyaga uca urahagarara, haca haba agahwekere.


Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”


Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!”


Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: “Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wigere umugarukamwo.”


Ahanga amaso mw’ijuru, ariruhutsa, maze abwira wa muntu ati: “Efata!” (bisigura ngo: “Zibuka”).


Amufata ukuboko aramubwira ati: “Talita Kumi!” (bisigura ngo: “Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!”)


Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.


Hanyuma aca abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira neza kumera nk’ukundi.


Kandi hari abanyamibembe benshi muri Isirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ariko nta n’umwe yahumanutse imibembe atari Namani Umusiriya.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite