23 Nuko Yesu aja mu bwato, kandi abigishwa biwe bajana na we.
23 Atambukira mu bgato, abigishwa biwe baramukurikira.
Maze Yesu atambukira mu bwato, ajabuka hakurya y’ikiyaga aja mu gisagara c’iwabo.
Maze abarira ba bigishwa ati: “Genda mubarire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza.
Ubwo nyene haza umuyaga w’igihuhusi mu kiyaga, ku buryo imipfunda yariko irisuka mu bwato; kandi ico gihe Yesu yari asinziriye.
Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.”