Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Maze haza umuntu arwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maz’ umunyamibembe aza kuri we, aramupfukamira, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:2
37 Referans Kwoze  

Uwo mukozi yikubita imbere ya shebuja aramupfukamira, amubwira ati: ‘Mbabarira unyihanganire, nzokwishura umwenda ndagufitiye wose!’


Wa mugore aca araza apfukama imbere yiwe, aramubwira ati: “Mwami, ntabara!”


maze ivyinyegeje mu mitima yabo bizobe bigiye ahabona. Bazoheza bakubite ibipfukamiro hasi bahimbaze Imana, bavuge bati: “Vy’ukuri Imana iri kumwe namwe!”


Petero ashitse, Koruneliyo aca akubita ibipfukamiro hasi ngo amusenge.


Wa muntu aravuga ati: “Mwami, ndizeye.” Nuko aca aramwunamira.


Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya.


Kandi hari abanyamibembe benshi muri Isirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ariko nta n’umwe yahumanutse imibembe atari Namani Umusiriya.”


Ico gihe, Yesu yari i Betaniya, mu nzu kwa Simoni yahoze ari umunyamibembe.


Hanyuma nyina wa Yakobo na Yohana bene Zebedayo, aza aho Yesu ari azananye n’abo bahungu biwe babiri, apfukama imbere yiwe amwubashe cane, amusaba.


Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”


Aho hantu Yesu ahakorera ibitangaza bike kuko abantu baho ata kwizera bari bafise.


Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira akaba muzima.”


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


Ubwo nyene, Yesu aca ahura na bo arabaramutsa. Na bo baramwegera bamufata ku birenge baramusenga.


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.


Aramubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfukama ukansenga.”


Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza.


Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye.


Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: “Mwami dukize, turapfuye!”


Petero na we yishura ati: “Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite