Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Yesu abonye isinzi ry’abantu baje kumushengerera, aca abwira abigishwa biwe ngo bajabuke, baje hakurya y’ikiyaga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Yesu abonye ishengero ryinshi rimukikije, agera ko bajabuka hakurya.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:18
10 Referans Kwoze  

Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo.


Yesu amenye ko bagira baze ngo bamwimike ku nguvu nk’umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.


Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.”


Ubwo nyene Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka, na we asigare arasezera abantu.


Nuko aca abasiga ngaho, atambukira mu bwato aja ku rundi ruhande rw’ikiyaga.


Hanyuma y’ivyo, Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka i Betesayida; na we asigare arasezera abantu.


Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari.


Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite