Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abarwaye bose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose,

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:16
17 Referans Kwoze  

Izuba ririko rirarenga, bamuzanira abantu bose bafise ingwara zitandukanye, arambika ibiganza kuri umwumwe wese, arabakiza.


Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, aca abakiriza abarwaye.


Vyatuma kandi abantu benshi bama bazana abagwaye bakabaryamika mu nderuzo no ku birago i ruhande y’inzira, kugira ngo Petero arenganye igitutu ciwe gipfume kibacako.


Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuvuga ati: “Wa mpwemu mbi we, muvemwo!”


Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba impumyi n’ikiragi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.


Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye.


Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”


Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: “Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wigere umugarukamwo.”


Abari baragiye izo ngurube baca bariruka barahunga; baja mu gisagara kuvuga ivyabaye, n’ivyashikiye ba bantu babiri bahora baboshwe n’abadayimoni.


Amukora ku kiganza, ako kanya nyene bwa bushuhe buca burahera, aca ava hasi aramuzimana.


N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.


Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: “Mupfasoni, ingwara yawe irakize.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite