Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Hanyuma Yesu aca abwira wa musoda mukuru ati: “Genda bikubere uko nyene uvyizeye.” Ako kanya nyene wa mukozi wiwe aca arakira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Yesu abgira uwo mugabisha, at’ Igīre, bikubere nk’uko wizeye. Nuko wa muhungu akira uno mwanya.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:13
10 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura ati: “Nutahe, umwana wawe ni muzima.” Nuko wa muntu yizera amajambo ya Yesu, aca arataha.


Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”


Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [


Yesu aca aramubwira: “Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe.” Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira.


Yesu arahindukira, amubonye aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.


Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”


Yesu aramwishura ati: “Ko wishuye uko, niwitahire; ya mpwemu mbi yavuye mu mukobwa wawe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite