Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:12
19 Referans Kwoze  

Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze.


Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.


babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.”


babate mw’itanure ryaka umuriro; aho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.


Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro mwinshi.”


Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.


Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa, n’abana b’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’


Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi.


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite