Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Amanutse uwo musozi, ishengero ryinshi riramukurikira.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:1
12 Referans Kwoze  

Yesu abonye isinzi ry’abantu baje kumushengerera, aca abwira abigishwa biwe ngo bajabuke, baje hakurya y’ikiyaga.


Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi, i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.


Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara.


Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga c’i Galilaya, maze abantu benshi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya,


Yesu n’abigishwa biwe bariko barava mu gisagara c’i Yeriko, abantu isinzi baramukurikira.


Abantu benshi baramukurikira, akirizayo abarwaye babo.


Maze abantu isinzi baza aho ari, bazanye abacumbagira, impumyi, ibimuga, ibiragi n’abandi barwayi benshi. Babashira imbere yiwe, na we arabakiza.


Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe babo.


Maze haza umuntu arwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite