Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 6:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.

Gade chapit la Kopi




Matayo 6:6
17 Referans Kwoze  

Amaze gusezera abantu, aca aduga ku musozi wenyene aja gusenga, maze burira akiri ngaho wenyene.


Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.


kugira ngo ntiwereke abantu ko wisonzesheje; ahubwo uvyereke So ari ahihishije; maze So, we abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.


Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga ku gisenge c’inzu gusenga.


Gutyo, gutanga kwawe kugume ari ibanga, kandi So wo mw’ijuru abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.


Ni kubera ivyo mpfukama imbere ya Data,


Abarongorwa na kamere kabo k’icaha bashira imitima ku vyipfuzo vy’umubiri, ariko abarongorwa na Mpwemu Yera, bashira imitima ku vyo Mpwemu agomba.


Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje


Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite