Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 6:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.

Gade chapit la Kopi




Matayo 6:5
34 Referans Kwoze  

Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’


Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze mubabarire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [


Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”


Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.


Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


Muzobona ibara mwebwe Abafarisayo, kuko mukunda ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro.


Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”


Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.


Akiriko arigisha, Yesu avuga ati: “Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu.


Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Bakunda ivyicaro vy’icubahiro mu misi mikuru, n’intebe z’imbere mu masinagogi.


Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.


Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.


Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.


Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka indemesho yanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite