Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 6:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.

Gade chapit la Kopi




Matayo 6:2
56 Referans Kwoze  

Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.


Jewe sindondera gushimwa n’abantu,


Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.


“Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru.


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Ico batwihanikirije kwari uko twokwibuka kwitwararika abakene, kandi ico nanje nkaba namye ndagifitiye ishaka kuva kera.


Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana.


Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.


Nimba wahawe ingabire yo gutera intege abandi, ube uwutera intege koko. Nimba wahawe ingabire yo gutanga, tangana umutima ubikunze. Nimba wahawe kurongora abandi, ubikorane umwete. Nimba wahawe ingabire yo kugira impuhwe, uzigire unezerewe.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vy’imbabazi.


We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Kubera Yuda ari we yari ajejwe ikigega, bamwe bibajije ko Yesu amusavye kugura ibikenewe vy’umusi mukuru, canke kugira ico aha abakene.


Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?


Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.


Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru.


Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.


Ntitwigeze na rimwe turondera guhabwa icubahiro n’abantu, baba mwebwe, canke uwundi muntu uwo ari we wese, naho nk’intumwa za Kristo twari twemerewe kugira ivyo tubasavye dukoresheje ububasha dufise.


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?


Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Muzobona ibara mwebwe Abafarisayo, kuko mukunda ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro.


Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.


Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka indemesho yanyu.


Arabishura ati: “Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako mwa ndyarya mwe! Yanditse avuga ati: ‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje.


Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro mwinshi.”


Bakunda ivyicaro vy’icubahiro mu misi mikuru, n’intebe z’imbere mu masinagogi.


Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?


kandi iyo bukeye, muravuga muti: ‘Uno musi ikirere ntikiza kuba ciza kuko ijuru ryiraburaniwe.’ Murazi kugenzura ikirere mukurikije uko ijuru risa, ariko ntimuzi kugenzura ibimenyetso vy’ibihe.


Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:


Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzawe.


Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.


Ariko niwagira ico uha umukene, ukuboko kwawe kw’i bubamfu, ntigukwiye kumenya ico ukuboko kw’i buryo gukoze.


Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.


Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite