Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 6:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.

Gade chapit la Kopi




Matayo 6:16
25 Referans Kwoze  

Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.’


Ikindi gihe, abigishwa ba Yohana n’abigishwa b’Abafarisayo bari bisonzesheje. Maze abantu baza aho Yesu ari baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana Umubatizi n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”


Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.


Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.


Ntihakagire uwiyima uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mukwiye gusubira kwegerana kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukubura ukwihangana kwanyu.


akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha.


mu gukubitwa, mu gushirwa mw’ibohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara ijoro, mu gusonza.


Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje


Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite