Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 5:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 “Harahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.

Gade chapit la Kopi




Matayo 5:3
55 Referans Kwoze  

Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si ko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


Yesu aramwishura ati: “Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.”


Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Yesu abibonye, arababara. Abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’aba.


Ariko harahiriwe amaso yanyu kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva.


Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.


Yesu aramubwira ati: “Wizeye kubera umbonye? Hahirwa abizera batarinze kubona.”


Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.


Ariko abatunzi bo, bakwiye kwishimira ko Imana yabacishije bugufi. Kuko bazokurwaho kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba.


Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.


Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Harahiriwe uwudatsitazwa n’ivyanje!”


Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru;


avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.”


Nanje ndabahaye Ubwami, nk’uko Data yabumpaye nanje,


kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite