Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 5:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu abonye abantu baje ari benshi, aca aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abonye iryo shengero, adūga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwēgēra.

Gade chapit la Kopi




Matayo 5:1
16 Referans Kwoze  

Hanyuma Yesu aduga ku musozi ahamagara abo ashaka, na bo baza aho ari.


Nuko Yesu ava ngaho, agendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya. Hanyuma aduga umusozi, yicaraho.


Ikindi gihe Yesu asubira kwigishiriza ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, maze abantu isinzi bakoranira aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo, abantu na bo bahagarara i musozi.


Hanyuma Yesu aja i muhira, maze abantu benshi basubira gukoranira aho ari, ku buryo we n’abigishwa biwe bitashoboka ko bafungura.


Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi, i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.


Ubwo nyene abantu benshi baca baza aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo; abantu na bo bahagarara ku musenyi.


aca atangura kubigisha. Arababwira ati:


Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.


Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga isinzi ry’abigishwa biwe, hamwe n’abandi bantu benshi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga,


Nuko Yesu yitegereza abigishwa biwe, aravuga ati: “Murahiriwe mwebwe mwumva ko mukenye, kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu.


Haheze nk’imisi umunani Yesu ababwiye ivyo, ahitana Petero, Yohana na Yakobo, baduga ku musozi gusenga.


Yesu amenye ko bagira baze ngo bamwimike ku nguvu nk’umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite