Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 4:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi, i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kand’ ishengero ryinshi riramukurikira bavuye i Galilaya n’i Dekapoli n’i Yerusalemu n’i Yudaya no hakurya ya Yorodani.

Gade chapit la Kopi




Matayo 4:25
11 Referans Kwoze  

Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga isinzi ry’abigishwa biwe, hamwe n’abandi bantu benshi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga,


Wa muntu aca arataha aca i Dekapolisi, atangura kuvuga ivyo Yesu yamukoreye. Abantu bose bavyumvise baratangara cane.


Hanyuma Yesu ava mu karere kegereye igisagara ca Tiro aca i Sidoni imbere yo gusubira ku kiyaga c’i Galilaya no mu karere ka Dekapolisi.


kandi abantu bose bagerageza kumukorako, kuko ububasha bwo gukiza ingwara bwamuvamwo bugakiza abantu bose.


Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?


Abantu benshi baramukurikira, akirizayo abarwaye babo.


Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye.


Yesu abonye abantu baje ari benshi, aca aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera,


“Mu ntara ya Zabuloni n’intara ya Nafutali, mu bice vyegereye ikiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya haba Abanyamahanga benshi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite