Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 4:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 kugira ngo ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya bishike. Yavuze ati:

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 ngw ivyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana bishike,

Gade chapit la Kopi




Matayo 4:14
15 Referans Kwoze  

baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


agumayo kugeza Herode apfuye. Uko ni ko Umwami Imana yashikije ivyo yari yaravuze aciye ku wavugishwa na we ngo: “Nahamagaye umwana wanje ngo ave muri Egiputa.”


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’


Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.


Ariko none Ivyanditswe vyera bivuga ko bitegerezwa kugenda gutya, vyoshitswa gute?”


Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati: “Yikoreye ubumuga bwacu, yishirako ingwara zacu zose.”


Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo:


Yabanje kuja i Nazareti, hanyuma avayo aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali,


“Mu ntara ya Zabuloni n’intara ya Nafutali, mu bice vyegereye ikiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya haba Abanyamahanga benshi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite