Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 4:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Yesu yumvise ko Yohana yashizwe mw’ibohero, aca aja i Galilaya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Yumvise ko Yohana yashizwe mw ibohero, aja i Galilaya.

Gade chapit la Kopi




Matayo 4:12
13 Referans Kwoze  

Yohana amaze gutabwa mw’ibohero, Yesu aca aja i Galilaya avuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,


Herode yaciye yongerako ikindi caha kibi co gushira Yohana mw’ibohero.


Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.


(Aho hari imbere yuko Yohana atabwa mw’ibohero.)


Yesu aca asubira i Galilaya yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, maze inkuru yiwe ikwira akarere kose kahegereye.


Herode Antipa ubwiwe ni we yari yatanze itegeko ryo gufata Yohana, kumuboha no kumupfunga. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya, uwo yari yararongoye kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.


Iki cabaye igitangaza ca kabiri Yesu yakoze agarutse i Galilaya avuye i Yudaya.


Haheze imisi ibiri, Yesu ava i Samariya aja i Galilaya.


Nuko Yesu aca aja i Kaperinawumu mu gisagara c’i Galilaya. Ku musi w’Isabato aja kwigisha mw’isinagogi,


Yohana ari mw’ibohero, yumva ivyerekeye ibikorwa vya Kristo, hanyuma amutumako abigishwa biwe kumubaza bati:


Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”


Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite