Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 3:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.

Gade chapit la Kopi




Matayo 3:9
22 Referans Kwoze  

Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Na bo baramwishura bati: “Twebwe turi uruvyaro rwa Aburahamu, ntitwigeze tuba abagurano b’umuntu n’umwe. Ni gute utubwira ngo tuzoronka ukwidegemvya!”


Mbega none twovuga iki kuri Aburahamu sogokuruza? Yatahuye iki ku vyerekeye ingene umuntu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi?


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’


Mbega uruta sogokuruza Aburahamu, ko we n’abavugishwa n’Imana bapfuye? Wewe wigira iki?”


Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?


Kuko imbere mu mutima w’umuntu ni ho hava ivyiyumviro bibi, ingeso mbi z’ivy’isoni nke, ubusuma, ubwicanyi,


Simoni Petero yadusiguriye ingene kuva mu ntango Imana yitayeho Abanyamahanga kugira ngo ibitoranirizemwo abazokwitirirwa izina ryayo.


Arabishura ati: “Ndababwire ukuri, naho bohora, amabuye yosemerera.”


Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, akamenya uwu mugore uwo ari we, ko ari umunyavyaha.”


Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’


Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko muriko murondera ingene mwonyica kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza mu mitima yanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite