Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 3:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba.

Gade chapit la Kopi




Matayo 3:4
12 Referans Kwoze  

Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.


Nimba atari uko, mwagiyeyo kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini bari mu birimba vy’abami.


Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”


Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”


Kuko Yohana yaje atarya kandi atanywa, baca bavuga bati: ‘Arimwo dayimoni.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite