Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 3:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.

Gade chapit la Kopi




Matayo 3:16
14 Referans Kwoze  

Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma.


Aca avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryugurutse, mbona n’Umwana w’Umuntu ahagaze i buryo bw’Imana.”


Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.


Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”


uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”


Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite