Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 3:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Haciye igihe haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mur’ iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bg’i Yudaya,

Gade chapit la Kopi




Matayo 3:1
27 Referans Kwoze  

Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.


Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wigeze kubaho ahambaye kungana Yohana Umubatizi. Ariko, umuntu muto kuruta abandi mu Bwami bw’ijuru arahambaye kumuruta.


ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”


Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri Yeremiya canke umwe mu bandi bavugishwa.”


uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”


Ba bigishwa bamaze kugenda, Yesu aca atangura kuvuga ivyerekeye Yohana Umubatizi, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga?


Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Irenga rizungagizwa n’umuyaga?


Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,


Kuko Yohana yaje akabereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.


Bwatanguye nk’uko vyari vyaranditswe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya ngo: “Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe, igutegurire inzira”:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite