3 Mu maso hiwe hasa n’umuravyo, kandi impuzu ziwe zarera derere.
3 Ishusho yiwe yasa n’umuravyo, impuzu ziwe zera nka shelegi.
Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu yera, bahagarara i ruhande yabo.
Impuzu ziwe zirera cane, zica ibibatsi; nta muntu n’umwe kw’isi yozimesuye ngo zere nk’uko.
Binjiye mu mva, babona umuntu asa n’umusore yambaye ikanzu yera cane, yicaye ku ruhande rw’i buryo, maze bagira ubwoba.
Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.
abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye aho ikiziga ca Yesu cari kiryamye, umwe ahari umutwe, uwundi ahari ibirenge.
Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.
Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.
Ba barinzi b’imva ya Yesu bagira ubwoba bwinshi ku buryo bamera nk’abapfuye.