16 Ico gihe, hariho imbohe izwi cane yitwa Yesu Baraba.
16 Kandi bāri n’imbohe imwe yari rurangiranwa yitwa Baraba.
Hariho umugabo yitwa Baraba yari mw’ibohero kuko we na bagenziwe bagirizwa ubwicanyi mu migumuko.
Kandi naho bazi ko Imana icira abakora ivyo urubanza rwo gupfa, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.
Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.
Barasemerera bati: “Oya, si we dushaka! Turekurire Baraba!” Uwo Baraba yari umugumutsi.
Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.
Mu gihe c’imisi mikuru ya Pasika, umutware w’Umuroma yari afise umugenzo wo kurekura imbohe abantu bihitiyemwo.
Nuko Pilato abaza abantu bari bakoraniye aho ati: “Mbega mugomba ko ndabarekurira imbohe iyihe: Baraba canke Yesu yitwa Kristo?”
Muntahirize Anduroniko na Yuniya, Abayuda bagenzanje twabanye mw’ibohero. Ni abantu bubashwe cane mu zindi ntumwa kandi barantanze kwizera Kristo.