Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 27:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umutwenzi utambitse abaherezi bakuru bose n’abashingantahe b’ubgo bgoko bagīra inama Yesu ngo bamwice.

Gade chapit la Kopi




Matayo 27:1
16 Referans Kwoze  

Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abatware, n’abigisha b’ivyagezwe, ari bo bari bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda barakorana, bagira inama. Nuko baboha Yesu, bamujana kwa Pilato.


Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.


Bukeye, inama nkuru y’abatwara ubwo bwoko irakorana, irimwo abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, maze Yesu ajanwa imbere yabo.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, baca barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa.


Bamwe mu bari ngaho baca babwira Yesu inkuru y’abantu b’i Galilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n’ay’ibimazi bariko baratanga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite