Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 26:74 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

74 Petero aca atangura kurahira yisiba ati: “Ndabarahiye urya muntu sindamuzi!” Uwo mwanya nyene, isake ica irabika.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

74 Bun’ atangura kurahira arīsiba, at’ Uyo muntu sindanamuzi. Uwo mwanya inkoko irabika;

Gade chapit la Kopi




Matayo 26:74
19 Referans Kwoze  

Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


Nimba hariho uwudakunda Umwami, uwo aravumwe. Kaze Mwami!


Petero yongera kubihakana, maze uwo mwanya nyene isake ica irabika.


Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.


ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.


Petero yishura uwo muntu ati: “Sinzi n’ivyo uriko uravuga.” Akiriko aravuga, isake ica irabika.


Ariko Petero arabihakana ati: “Sinzi kandi sintahura ivyo uriko uravuga!” Nuko aca ava mu rugo aja kw’irembo.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Abantu bose barishura bati: “Amaraso yiwe azotwagire twebwe n’abana bacu!”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Haheze akanya gato, abari bahagaze ngaho begera Petero bamubwira bati: “Ni ukuri na we uri umwe muri bo, kuko n’imvugo yawe, irakuranga ko uri Umunyagalilaya.”


Petero aca yibuka ivyo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika, uja kuba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Aca aja hanze araturikisha ararira cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite