Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 26:53 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Wibaza ko ntari gushobora gusaba Data ubwo nyene akandungikira ingabo zirenga legiyono cumi na zibiri z’abamarayika bo kungwanira?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basāga legiyono cumi na zibiri?

Gade chapit la Kopi




Matayo 26:53
12 Referans Kwoze  

Kuva ako kanya Satani aca aramureka, maze abamarayika baraza baramukorera.


Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?” Na we arishura ati: “Nitwa Gitero,” kuko yarimwo abadayimoni benshi.


Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,


yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?” Na we arishura ati: “Nitwa Gitero, kuko turi benshi.”


Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni menshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba.


Nta muntu n’umwe ashobora kubunyaka, ndabutanga ari uko ndabishatse. Mfise ubushobozi bwo kubutanga n’ubwo kubwakira gushasha. Iki ni co Data yantegetse gukora.”


Yesu aramubwira ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo buba ubwo muri iyi si, abayoboke banje bari kungwanira bakabuza abakuru b’Abayuda kumfata. Ariko Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite