Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 26:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke.

Gade chapit la Kopi




Matayo 26:41
34 Referans Kwoze  

Arababaza ati: “Ni kuki musinziriye? Nimuvyuke, musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa.”


Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Umutima urabikunze, ariko umubiri ufise intege nke.”


Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.


Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.


Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Bashitseho, Yesu arababwira ati: “Nimusenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa.”


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, ngahusha impera.


Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


Arababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.”


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duharira umuntu wese aducumuyeko. Ntudutererane ibitugerageza.’ ”


Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite