Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 26:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Hanyuma agaruka aho abigishwa biwe bari asanga barasinziriye. Abaza Petero ati: “Ntimushobora kubana maso nanje n’isaha n’imwe?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Agaruka ku bigishwa, asanga basinziriye, abaza Petero, at’ Ubgo ntimurushe mubana maso nanje n’isaha n’imwe?

Gade chapit la Kopi




Matayo 26:40
12 Referans Kwoze  

Nuko agaruka aho abigishwa biwe bari asanga barasinziriye. Abaza Petero ati: “Simoni, urasinziriye? Ntiwashoboye kubana maso nanje n’isaha n’imwe?


Yunamutse ahejeje gusenga, asubira aho ba bigishwa biwe bari bari, asanga barasinziriye, baremerewe n’umubabaro.


Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro.


Petero na bagenziwe bari basinziriye cane; bikanguye babona ubwiza bwa Yesu, na ba bagabo bari bahagararanye na we.


Ariko Petero arasubira avuga ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana nawe.” Mbere n’abandi bigishwa bavuga batyo.


Arababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.”


Umukwe agitevye kuza, bose bararambirwa, batangura gusinzira.


Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite