Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 26:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 “Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’ Umwana w’umuntu azotangwa abambge.

Gade chapit la Kopi




Matayo 26:2
17 Referans Kwoze  

Yuda, uwagira amugurishe, yari ahazi, kuko Yesu yakunda kujana n’abigishwa biwe muri iryo tongo.


Imisi mikuru ya Pasika Abayuda bahimbaza yari yegereje, kandi abantu benshi bava mu mihingo yose y’igihugu bakaja i Yerusalemu kugira ngo bagire umugenzo wo kwihumanura imbere y’uko Pasika ishika.


Umusi umwe, bakoraniye i Galilaya, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.


Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.


Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu.


Yesu arababwira ati: “Nari naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa.


ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.” Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!”


Simoni Umuzelote, na Yuda Isikariyote umwe yamugurisha.


Ibi vyabaye kugira ngo bishitse ico Yesu yari yaravuze igihe yavuga urupfu yari agiye gupfa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite