Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 26:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Arabishura ati: “Nimugende mu gisagara, maze muraja kubona umuntu, mumubwire muti: Umwigisha avuze ko isaha yiwe yegereje, kandi ko agomba gusangirira n’abigishwa biwe ivya Pasika iwawe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Arabishura, ati Ni muje mu gisagara kwa ntuze, mumubarire, mut’ Umwigisha agize ngw Igihe ciwe kiri hagufi, agira asangirire ivya Pasika n’abigishwa biwe i wawe.

Gade chapit la Kopi




Matayo 26:18
18 Referans Kwoze  

Yesu arababwira ati: “Igihe canje ntikirashika. Kuri mwebwe igihe cose ni ciza.


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Mwebwe nimugende ku musi mukuru. Jewe sinjayo kuko igihe canje kitarashika.”


Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.


Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”


Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aja guhamagara mwene nyina Mariya aramwihereranya, amubwira ati: “Umwigisha ari hano kandi arashaka kukubona.”


Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, baramubwira bati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?”


“Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”


Ntimuze mwemere n’uko babita abigisha kuko mufise umwigisha umwe ari we Kristo.


Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


Nihagira uwugira ico ababaza, mumwishure muti: Umwami arazikeneye, kandi aca azisubiza adatevye.”


Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).


Maze Yuda aca agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Ndakuramukije Rabi!” Aca aramusoma.


Ba bigishwa baragenda babikora nk’uko Yesu yabibabwiye, bategura ivyo vya Pasika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite