Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 24:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Hanyuma bazobafata babahame, ndetse babice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.

Gade chapit la Kopi




Matayo 24:9
26 Referans Kwoze  

Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


Bakiriko baramutera amabuye, Sitefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”


Ni co gituma Imana mu bwenge bwayo yavuze iti: ‘Nzobarungikira abavugishwa n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi babahame.’


Ehe ngira ndabarungikire abavugishwa, abanyabwenge hamwe n’abigisha b’ivyagezwe b’ukuri. Bamwe muzobica, abandi mubabambe, abandi mubatonagurire mu masinagogi yanyu, hanyuma mubatoteze bave mu gisagara baja mu kindi.


Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”


abandi na bo bafata abakozi biwe barabakubagura, hanyuma barabica.


Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka.


Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite