8 Ivyo vyose bizoba ari nk’intango y’ibise.
8 arikw ivyo vyose n’itanguriro ryo kuramukwa.
Igihe abantu bazoba bavuga bati: “Ni amahoro, nta nkomanzi,” ni ho ugutikizwa kuzobashikako giturumbuka, kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise, kandi ntawuzorokoka.
Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba nyamugigima n’amapfa. Ariko ivyo bizoba ari nk’intango y’ibise.
Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.
Ubu na ho nimunyumve, yemwe batunzi, murire muboroge kubera ivyago bigiye kubashikako.