Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 24:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.

Gade chapit la Kopi




Matayo 24:6
32 Referans Kwoze  

Nimwumva intambara n’imigumuko, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa kubanza gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.”


“Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.


turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe (vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete) zibabwira ko umusi w’Umwami wacu umaze gushika.


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.


Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Ariko none Ivyanditswe vyera bivuga ko bitegerezwa kugenda gutya, vyoshitswa gute?”


Umwami Herode yumvise iyo nkuru yaciye abura amahoro, hamwe n’ab’i Yerusalemu bose.


Haca haza iyindi farasi itukura. Uwayigenderako aca ahabwa ububasha bwo gukura amahoro kw’isi, no gutuma abantu bicana. Aca ahabwa inkota nini.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite