Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 23:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Bakunda kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu, bagakunda ko babita Rabi risobanurwa ngo Mwigisha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 no kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwitwa n’abantu: Rabi.

Gade chapit la Kopi




Matayo 23:7
19 Referans Kwoze  

Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).


Bamusanze aho yari ari hakurya y’ikiyaga, baramubaza bati: “Mwigisha, washitse hano ryari?”


Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Yesu arayibaza ati: “Ushaka ko ngukorera iki?” Na yo iti: “Mwigisha, ndashaka guhumuka.”


Petero abwira Yesu ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.”


Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


Mbega abantu ba kino gihe nobagereranya n’iki? Bameze nk’abana bicaye mu mayirabiri hanyuma bagahamagara abandi bana, bati:


Maze Yuda, yari yateguye kumugurisha na we nyene avuga ati: “None yoba ari jewe ga Mwigisha?” Yesu aramwishura ati: “Na we urabizi.”


Maze Yuda aca agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Ndakuramukije Rabi!” Aca aramusoma.


Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: “Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!”


Akiriko arigisha, Yesu avuga ati: “Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu.


Babashikiriye, Yuda agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Rabi!” Aca aramusoma.


Muzobona ibara mwebwe Abafarisayo, kuko mukunda ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro.


Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”


Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?”


Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite