Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 23:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza.

Gade chapit la Kopi




Matayo 23:5
20 Referans Kwoze  

kuko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.


Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.


Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?


Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.


Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Ni ivy’ukuri ko bamwe bavuga ivya Kristo babitewe n’ishari n’umutima w’impari, ariko hariho n’abavuga ivya Kristo bafise intumbero nziza.


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe.


Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite