Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 23:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Umukuru cane muri mwese, ategerezwa kuba umukozi wanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Arik’ umukuru muri mwebge az’ abe umukozi wanyu.

Gade chapit la Kopi




Matayo 23:11
11 Referans Kwoze  

N’aho ndi uwidegemvya nkaba ntajakariye umuntu n’umwe, nigira umugurano ku bantu bose kugira ngo nshobore kuzana benshi kuri Kristo.


Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.


Kuko iyo tuvuga ubutumwa, ntitwivuga twebwe nyene. Ariko twigisha ko Yesu ari Umwami, natwe tukaba abakozi banyu ku bwa Kristo.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


Ntimuze mwemere n’uko babita abigisha kuko mufise umwigisha umwe ari we Kristo.


Yesu amaze kwicara ahamagara ba bigishwa cumi na babiri arababwira ati: “Umuntu wese ashaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose, n’umukozi wa bose.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite