Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 22:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Hanyuma arungika abandi bakozi, ababwira ati: ‘Nimugende mubwire abatumiwe ko nateguye amazimano: nabaze impfizi hamwe n’ibindi bitungwa binuze, kandi ibintu vyose biteguye neza. Mubabwire baze ku mazimano y’ubukwe!’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yongera gutuma abandi bagendanyi, ati Mubgire abatowe, muti Rāba amazimano yiwe yayiteguye, n’amapfizi n’amagumba vyiwe vyābāzwe, kandi vyose biriteguwe: ni muze mutahe ubukwe.

Gade chapit la Kopi




Matayo 22:4
18 Referans Kwoze  

Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Hanyuma arungika abandi bakozi barusha aba mbere ubwinshi, na bo abo barimyi babagira nk’uko bagize aba mbere.


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Igihe co kuzimana kigeze, atuma umukozi wiwe kubwira abatumire ati: ‘Nimuze, vyose vyatunganye.’


Hanyuma abwira abakozi biwe ati: ‘Amazimano y’ubukwe yateguwe, ariko abo natumiye nta n’umwe agomba kuza.


Ariko, habura n’umwe avyitaho, bose bigira mu vyabo, umwe mw’itongo, uwundi mu bucuruzi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite